#Burundi #Gitega: Musongati FC wagarukanye umwe mubakinyi bawo wigihangange yahora mu Rwanda.

Barirengako Frank yagarutse i mugira mu murwi wa Musongati FC.

Umurwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega usanzwe ukina icicaro ca mbere mu Burundi Primus League wagarukanue umukinyi wawo wigihangange wo hagati Frank Barirengako batazira « Lampard » yahora akinira umurwi wa Musanze FC wo mugihugu c’Urwanda.

Imbere yo kuja gukinira umurwi wa Musanze FC muri 2017, uyo musore avuka Kigwena mu ntara ya Rumonge yahora akinira Musongati FC ubu akaba awugarutsemwo haraciye imyaka ibiri.


Barirengako avuga ko atashimye kubandaniriza mu murwi wa Musanze FC kumvo nyinshi zitandukanye atashimye kuvuga izarizo ariko akavuga ko yipfuje kugaruka mu murwi wiwe yahoramwo wa Musongati FC.

Kuruhande rw’umuyobozi w’ubuhinga wa Musongati FC, Nugu Lewis aremeza ko Frank Barirengako yagarutse i muhira iwabo mu murwi wiwe wa Musongati FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

1 Comment

  1. Avatar
    Tuyishemeze Odiphax juillet 15, 2019

    Frank Barirengako avuka Mukigwena , konine n’intara ya Rumonge.niyigarukire iwabo nakare kure hokuvyarira ntihokurerera.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares
%d blogueurs aiment cette page :