#Burundi #Rwanda: Umurwi wa Gicumbi FC wo mu Rwanda uzomenyerezwa n’umurundi.

Ismail Jean Marie Nduwantare yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi wa Gicumbi FC.

Umurwi wa Gicumbi FC usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda Azam Rwanda Premier League uzomenyerezwa n’umumenyereza w’umurundi azwi kwizina rya Ismail Jean Marie Nduwantare yahora amenyereza mu mwaka uheze umurwi wa Les Jeunes Athletics wo mucicaro ca kabiri.

Umurwi wa Gicumbi FC wo mugihugu c’Urwanda.

Jean Marie Nduwantare asanzwe afise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF, yasinye amasezerano w’imyaka ibiri yo kumenyereza uyo murwi wa Gicumbi FC.

Nduwantare yiyongeye kuri Haringingo Mbaya Francis nawenyene n’umumenyereza w’umurundi amenyereza umurwi wa Polisi FC wo murico gihugu nyene.

Umumenyereza Ismail Jean Marie Nduwantare azomenyereza umurwi wa Gicumbi FC.

Twobamenyesha yuko Ismaïl Jean Marie Nduwantare amaze kumenyereza imirwi itandukanye ya hano iwacu nka : Prince Louis,  Inter Star, Flambeau de l’Est, Kayanza United, Delta Star na Les Jeunes Athletics co kimwe n’umurwi wa Aspor wo mu Rwanda igihe wakina icicaro ca kabiri.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: