#Africa #CAN2019: Urutonde rw’abakinyi 11 bigenjeje neza muri CAN rwasohowe na CAF.

Muri runo rutonde rwasohowe na CAF dusangamwo abankinyi babiri gusa ibihugu vyabo bitakinye urukino rwanyuma rwa finale nabo, n'umunya Nigeria, Idion Ighalo ariwe yinjije ibitsindo vyinshi muriryo higanwa, ibitsindo 5 hamwe n'umukinyi w'inyuma umunya Tunisie Yassine Meriah.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, ryasohoye urutonde rw’abakinyi icumi numwe bigenjeje neza munkino z’igikombe c’Afrika CAN 2019 cariko kibera mugihugu ca Misiri, igikombe giherutse gutahukanwa n’umurwi nserukiragihugu wa Algérie (Les Fennecs) utsinze umurwi nserukiragihugu wa Sénégal (Les Lions de la Téranga) (1-0). Muri runo rutonde rwasohowe na CAF dusangamwo abankinyi babiri gusa ibihugu vyabo bitakinye urukino rwanyuma rwa finale nabo, n’umunya Nigeria, Idion Ighalo ariwe yinjije ibitsindo vyinshi muriryo higanwa, ibitsindo 5 hamwe n’umukinyi w’inyuma umunya Tunisie Yassine Meriah abandi bose dusanga muri runo rutondo nabo ibihugu vyabo vyakinyi urukino rwa finale nabo naba bakurikira:

Mw’igori : Rais M’Bolhi (Algérie).

Abakinyi b’inyuma: Lamine Gassama (Sénégal), Yassine Meriah (Tunisie), Youssouf Sabaly (Sénégal), Kalidou Koulibaly (Sénégal).

Abakinyi bohagati: Adlene Guediora (Algérie), Idrissa Gana Gueye (Sénégal), Ismael Bennacer (Algérie).

Abasatirizi: Riyad Mahrez (Algérie), Sadio Mané (Sénégal), Odion Ighalo (Nigeria).

Umumenyereza: Djamel Belmadi (Algérie)

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: