#Algérie : Zinedine Zidane yarungikiye ubutumwa umurwi nserukiragihugu wa Algérie inyuma yo gutahukana igikombe ca CAN 2019.

Zinedine Zidane atura ico gikombe mukuru wiwe Farid aherutse kwitaba Imana.

Zinedine Zidane yatahukanye igikombe c’isi yose 1998 arikumwe n’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa (Les Bleus) ariko adahengeshanya kugaragaza urukundo afitiye Igihugu c’Algérie camwibarukiye abavyeyi biwe, kuri uyu wa gatandatu uyo mumenyereza wa Real Madrid yarungikiye ubutunwa bwo gukeza Les Fennecs ku gikombe baherutse gutahukana aho hari haheze imyaka 29 Algérie idatahukanye gutahukana ico gikombe, na cane cane Zinedine Zidane atura ico gikombe mukuru wiwe Farid aherutse kwitaba Imana.

Zinedine Zidane abicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram yagize ati : « Mukuru wanje Farid ategereza kuvyishimira! Ndakeje umurwi nserukiragihugu wa Algérie, iyo nintsinzi y’abene gihugu bose. Rimwe, kabiri gatatu ndabicishije muri Algérie. Nzobandanya nduza inyenyeri ya Algérie minsi yose y’ubuzima bwanje ».

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: