#Espagne #RealMadrid: Mercelo avugako Neymar asumvya Eden Hazard.

Eden Hazard afise ubuhingi nka Neymar ariko Neymar wewe afise ubuhinga bwokuja murutonde rw'abakinyi 5 bambere kuri iy'isi kubwivyo rero ntushobora kugereranya Neymar na Hazard, kuri jewe Neymar niwe akomeye.

Mugihe umurwi wa Real Madrid uri muri reta nzunze ubumwe za Amerika munkino zokwitegurira ihiganwa ryo mu mwaka uza w’inkino Marcelo w’imyaka 31 umukinyi wo kuruhande rw’ibubamfu wuyo murwi yagize ico ashikiriza kubijanye n’abakinyi umurwi wiwe urukino uragura hamwe no kukibaza ca Neymar mugihe vyoshika akagurwa na Los Blancos. Marcelo ntiyanse umwuzo wa Neymar muri Real Madrid mugihe vyoshika bakamugura ndetse Marcelo yamenyesheje ko uyo musatirizi wa Paris Saint Germain asumvya Eden Hazard aherutse kugurwa nuyo murwi umukuye muri Chelsea.

Marcelo yagize ati :
« Neymar n’umukinyi adahagarikwa mugihe umukinyi w’inyuma yotangura kwiyumvira uburyo bwo kumuhagarika nawe aba amaze kwiyumvira uburyo amucenga, biragoye kumuhagarika. Neymar tumuronse muri Real Madrid vyoba vyiza ariko si jewe mfata ingingo. Eden Hazard afise ubuhingi nka Neymar ariko Neymar wewe afise ubuhinga bwokuja murutonde rw’abakinyi 5 bambere kuri iy’isi kubwivyo rero ntushobora kugereranya Neymar na Hazard, kuri jewe Neymar niwe akomeye ».
Ivyo akaba yarabishikirije mukiganiro yahaye ikinyamakuru Mundo Deportivo.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: