#Burundi #CAF #Football: Aigle Noir izohura n’umurwi wo muri Kenya, Rukinzo FC ukazohura nuwo muri Zimbabwe.

Aigle Noir izokwakira Gor Mahia hama Rukinzo FC yakirwa na Triangle United.

Umirwi wa Aigle Noir The Fighters uzoserukira Uburundi mugikombe ca CAF  Champions League uzotana mu mitwe n’umurwi wa Gor Mahia wo mugihugu ca Kenya usanzwe ukinamwo umurundi Moustapha Francis Njali, Aigle Noir akaba ariwo uzotangura kwakira umurwi Gor Mahia FC.

Aigle Noir kuri Stade Ingoma de Gitega.

Mugikombe ca Coupe de la Confédération Uburundi buzoserukirwa n’umurwi w’igipolisi c’Uburundi wo uzokwakirwa murukino rwa mbere n’umurwi wa Triangle United wo mugihugu ca Zimbabwe.

Twobamenyesha yuko  inkino zambere zizotangura gukinwa ku magenekerezo y’ 9 na 11 hamwe na 23-25 mu kwezi kwa Myandagaro inkino zo gusubiriza  nazo zikazoba ku magenekerezo ya 13 na 15 no ku magekerezo  25 na 27 Nyakanga.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: