#Argentine: Messi yahagaritswe amezi atatu!

Inyuma yo kwagiriza ishirahamwe ry’umupira wa maguru ryo muri Amerika y’epfo CONMEBOL ko rirangwamwo igiturire hamwe no kwifatira mugahanga umuhagarikizi munkino za Copa Amerika, Lionel Messi umunya Argentine akaba kandi umusatirizi wa FC Barcelone yafatiwe ibihano niryo shirahamwe harimwo n’ihadabu.

Kizigenza wa Albiceleste na FC Barcelone, Leo Messi w’imyaka 32 yahagaritswe kudasubira gukinira umurwi wiwe nserukiragihugu wa Argentine ikiringo c’amezi atatu hamwe n’ihadabu ry’ibihumbi mirongo itanu vya madorari y’abanyamerika (50.000 $) ivyo bihano bikaba bitanguye gushirwa mungiro kuri uyu wa gatandatu.

Leo Messi azosiba inkino 3 zakivandimwe umurwi wiwe nserukiragihugu wa Argentine uzotana mu mitwe n’ibihugu nka: Chili igenekerezo ry’5 Nyakanga, Mexique igenekerezo ry’10 Nyakanga hamwe na Allemange igenekerezo ry’9 Gitugutu.

Twobamenyesha yuko Leo Messi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Argentine (AFA) bafise iminsi 7 bashobora kwitwara kugira ngo babarenganure.

  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

FC Barcelona : Umwuzo wa Sergio Agüero umaze kumenyekana!

Mugihe amasezerano yiwe na Manchester City ari mumpera , Sergio Agüero 32, inkino 18, ibitsindo …

- Sponsored Advertisement -