#Burundi #Football: Aigle Noir ihejeje gutahuka igikombe ca Super Cup.

Aigle Noir utahukanye ibikombe bine mu mwaka umwe.

Umurwi wa Aigle Noir The Fighters uhejeje gutsinda umurwi wa Rukinzo FC ibitsindo (2-0) murukino rwa Super Cup rwabereye i Gitega ku kibuga Ingoma mu gikombe gihuza imirwi yatahukanye ibikombe mu Burundi naho Rukinzo FC atagikombe yatahukanye ariko niwo wakinye urukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’Igihugu (Coupe du Président) utsindwa na Aigle Noir (3-1) niwo wari ufise uburenganzira bwo gukina na Aigle Noir muri Super Cup.

Umurwi wa Aigle Noir ku kibuga Ingoma.

Ibitsindo vya Aigle Noir vyinjijwe na Kasongo Benjamin mugice ca mbere, mugice ca kabiri umukinyi wa Aigle Noir aronka ikarata zibiri z’umuhondo asiga mukibuga bagenziwe badakwiye mukibuga ariko ntivyabujije ko Aigle Noir ironka ikindi gitsindo ca kabiri cinjijwe na Cédric Titi Mavugo.

Umurwi wa Rukinzo FC ku kibuga Ingoma i Gitega.

Inyuma yico gikombe Aigle Noir the Fighters ikaba irumanije ibikombe 4 utahukanye uno mwaka w’inkino uheze harimwo ica Primus Ligue, icitiriwe umukuru w’Igihugu, igikombe c’ubumwe hamwe nico ca Super Cup.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: