#Burundi #Football: Thierry Nimubona Shombe yeretswe umuryango wogusohoka muri Inter Star, Robert Bimenyimana nawe yinjira.

Thierry Nimubona batazira 'Shombe' yirukanywe ata n'ukwezi aramara muri Inter Star asubirizwa Robert Bimenyimana.

Umurwi wa Inter Star wirukanye umumenyereza Thierry Nimubona batazira « Shombe » ushima guha akazi umumenyereza wa kera wa Transport FC Robert Bimenyimana.

Icatumye  Inter Star itandukana na Shombe ntikiramenyekana   tukaba tukiriko turarondera impande zose kugira ngo twumve icabitumye.

Twobamenyesha yuko, Thierry Nimubona batazira ‘Shombe’ yirukanywe ata n’ukwezi aramara muri Inter Star mugihe Robert Bimenyimana nawe hambavu yokuba yaramenyereje Transport FC, yaramenyereje kandi umurwi wa Inter Star awushikana mukibanza  c’idenda mu mwaka  w’inkino wa 2017-2018 imbere yo kuja mu gihugu ca Somalie mukazi k’Igihugu kuko asanzwe ari umusirikare yamenyereje kandi umurwi wa Rumonge City.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: