#CHAN2020:Uburundi buzohura na Uganda inyuma yo gusezerera Soudan y’epfo.

Intamba Murugamba zizohura na Uganda yatsinze Somalie ibitsindo (7-1).

Inyuma yogutsinda umurwi nserukiragihugu wa Soudan y’epfo i Bujumbura (2-0) nubu Intamba Murugamba zarasubiriye gutsinda Soudan y’epfo hariya mugihugu c’Ubuganda ku kibuga ca Lugogo Stadium (2-1).

Umurwi nserukiragihugu wa Soudan y’epfo niwo watanguye kuronka igitsindo ndetse igice ca mbere kirangira ariwo ufise (1-0) bw’Intamba Murugamba, abasore ba Olivier Niyungeko binjira mugice ca kabiri bafise ishaka baronka ibitsindo bibiri babikesheje Iddy Museremu hamwe na Olivier Dusabe urukino rurangira Intamba Murugamba zitahukanye intsinzi (2-1) mu nkino zibiri zose Intamba Murugamba zikaba zaronse intsinzi (4-1).

Intamba Murugamba ku kibuga ca Lugogo Stadium

Intamba Murugamba zizoca zihura n’umurwi nserukiragihugu wa Uganda wo uheretse gusezerera umurwi nserukiragihugu wa Somalie (7-1) mu nkino zose zibiri.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: