#Burundi #Football: Umurwi wa Royal FC wahaye akazi umumenyereza Harerimana Innocent batazira « Kambaranga ».

Harerimana Innocent batazira "Kambaranga" ninde?

Umurwi wa Royal FC wo mu ntara ya Muramvya usanzwe ukina icicaro ca kabiri mu Burundi, Ligue B wahaye akazi umumenyereza Harerimana Innocent batazira  » Kambaranga » kuva kuri uyu wa mbere.

Royal FC ukaba wamusinyishije amasezerano yo kuwumenyereza y’imyaka ibiri aho agiye gusubirira umumenyereza Rodriguez yahora amenyereza uyo murwi mu mwaka w’inkino uheze.

Kuruhande rw’iburyo uwurongoye Royal FC ibibamfu bwiwe Harerimana Innocent Kambaranga

Harerimana Innocent batazira « Kambaranga » ninde?

Avuka mubumanuko bw’Igihugu c’Uburundi mu ntara ya Makamba, amaze kumenyereza imirwi itandukanye nka Rumonge City wo mu ntara ya Rumonge usanzwe ukina icicaro ca kabiri. Kambaranga niwe yadugije umurwi wa Butare City w’i Makamba mu cicaro ca kabiri Ligue B nawo ushima kugurisha ikibanza kuri Buhumuza yo mu ntara ya Cankuzo.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: