Burundi # indero: Ikiringo c’Umusi Umwe Nico Cahawe Abavyeyi Kugirango Bandikishe Abana mu Mwaka Wa Mbere w’Ishure Nshingiro.

Patrice TUHABONIMANA, umuyobozi w’Indero muri Mairie ya Bujumbura asigura yuko baherutse gusohora itangazo ryerekana ingene abana bo mu wa mbere bategerezwa kwiyandikisha bikaba biteguwe yuko bazokwandika itariki rya 20 Myandagaro 2019.

Ubuyobozi bw’Indero, Inyigisho, Ubuhinga n’Imyuga mu Gisagara ca Bujumbura butanga ikiringo c’Umusi umwe w’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2019 ngo abavyeyi bandikishe abana babo mu mwaka wa mbere w’Ishure Nshingiro mu mashure ya Leta.

Patrice TUHABONIMANA, umuyobozi w’Indero muri Mairie ya Bujumbura asigura yuko  baherutse gusohora itangazo ryerekana ingene abana bo mu wa mbere bategerezwa kwiyandikisha bikaba biteguwe yuko bazokwandika itariki rya 20 Myandagaro 2019.

Patrice TUHABONIMANA asigura kandi yuko iryo yandikwa rizoba ku musi umwe ritangurire rimwe rihere kuri uyo musi ku bavyeyi bose.

Ngo bafashe iyo ngingo kubera ko basanze ko iyo batanze imisi myinshi, umwana umwe yandikwa ku mashure nk’icuro nka 5 canke 6.

Patrice HABONIMANA abandanya asigura yuko  kuri rapport ya mbere yo gutangura umwaka ariyo rentrée scolaire kesnhi usanga hahevye nk’abana barenga nk’amajana atanu, amazina ugasanga ni yayandi ya ba bana biyandikishije nk’incuro zingahe. Ugasanga abana barikuronka nk’ibibanza babibuze kuko mu gisagara abana bose bataronka ibibanza kubera ari abana benshi cane.

Ngo kugira rero vyorohe, abavyeyi barabisavye ko umusi wo kwandikisha abana woba umwe. Ubuyobozi bw’Indero bugapfuma bugwiza abantu bandika, ico gikorwa kikabera rimwe mu mwanya muto atabiriwe baratonda umurongo.

Twobamenyesha yuko iryo tangazo ryatanzwe n’ubuyobizi bw’indero ryerekeye amashure ya leta gusa.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: