#Burundi: Mumezi Atanu Gusa Hatojwe Ikori Ringana Imiliyaridi 6 Kumazu Apangishijwe.

Ikori kunzu zipanzwe kuva mu kwezi kwa mbere kuno mwaka gushika mukw’agatanu kuno mwaka nyene rirarenga imiriyaridi 6. Muri ayo ayarenga imiriyaridi zibiri yagiye mu kigega ca leta nayo ayarenga imiriyaridi 3 aja muma komine nkuko vyerekanwa n’ibiharuro vyo mu kigo OBR.

Ikori ritozwa kumazu apangishijwe rigengwa n’itegeko ryo mu kwa gatatu umwaka 2016 rivuga ukungene amakomine yegeranya amakori n’amatagisi. Itegeko Nshikiranganji ry’abanshikiranganji babiri Uw’ikigega ca leta nuw’intwaro yo hagati mu  gihugu ryo mu kwa mbere 2017 iri naryo ryishimikije itegeko rigenga amafaranga leta ikoresha yo mu mwaka wa 2017 riha uburenganzira ikigo OBR gutoza amakori n’amatagisi ku mazu apangishijwe.

Iryo tegeko rikavuga yuko ibice 40 kw’ijana bija mu kigega ca leta nayo 60 kw’ijana bikaja mu ma komine.

Ibiharuro vyico kigo OBR bikerekana ko ayavuye muri iryo kori yagiye yongerekana kubera ko uburyo bwo kuyegerana bwagiye butera imbere.

Kubwivyo mu 2017, hegeranijwe ayarenga 4.800.000.000. Muri ayo hafi 1.950.000.000 yagiye mu kigega ca leta nayo ayarenga 2.920.000.000 aja mu ma komine.

Mu mwaka ukurikira wa 2018 hegeraijwe  5.680.000.000 Muri leta hajayo imiriyaridi zirenga 2 nayo imiriyaridi zirenga 3 zigaburirwa ama komine.

Muri uno mwaka wa 2019 kuva mu kwa mbere gushika mu kwagatanu ivyo biharuro vyerekana ko hegeranijwe ayarenga 6.000.000.000.000, ayarenga imiriyaridi 2 araheza aja mu kigega ca leta nayo ayarenga imiriyaridi 3 aja mu ma komine.

Ubushikirnagnji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu mu nama yo gusigura itegeko rigenga amatora yo ku musi wa gatanu, umuyobozi ajejwe Intwaro na Politique muri ubwo Bushikiranganji yaragarutse kukijanye no kwigenga kwa ma komine yo mu Gisagara ca Bujumbura.

Tubibutse yuko ikigo OBR kimenyesha ko uwutarishe iryo kori ryo ku mazu apangishijewe ahanishwa ihadabu y’ibice 50 kw’ijana kuyo yari gutanga.

  • 3
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    3
    Shares
  •  
    3
    Shares
  • 3
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

Check Also

Rwanda Premier League: Ndarusanze Jean Claude « Lambalamba » ahejeje gufasha Rutsiro FC gutsinda Kiyovu Sports.

Umusatirizi yamuka mugihugu c’Uburundi, Ndarusanze Jean Claude batazira « Lambalamba » ahejeje gufasha umurwi wiwe wa Rutsiro …

- Sponsored Advertisement -