#Burundi #Choléra: Abantu 235 nibo bafashwe n’indwara ya Choléra.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Muganga Thaddée NDIKUMANA akamenyesha yuko muri abo 235, 12 bakiri ku musego mu gihe umwe yapfuye kuko yari asanzwe arwaye malariya.

Nkuko bishikirizwa na Muganga Thaddé Ndukumana, Umushikiranganji w’amagara y’abantu, abantu 235 nibo bafashwe n’ikiza c’indwara ya Cholera, ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yagiranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri wa gatatu.   

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Muganga Thaddée NDIKUMANA akamenyesha yuko muri abo 235, 12 bakiri ku musego mu gihe umwe yapfuye kuko yari asanzwe arwaye malariya.  

Muganga Thaddée NDIKUMANA akamenyesha kandi  ko hari vyinshi biriko birakorwa kugira bahangane niyo ndwara. Ngo ibikorwa vy’isuku biriko birakorwa.

Thaddée NDIKUMANA abandanya avuga ko iyo ndwara mu burere ata mazi akwiye ahari nko mu ntara ya cibitoke no mu Gisagara ca Bujumbura mu ma quartier anyuranye.

Muri ico kiganiro  Muganga Thaddée NDIKUMANA yarashikirije kandi ko iigihugu c’u Burundi citeguye neza guhangana n’ikiza ca EBOLA kivugwa mu gihugu kibanye ca congo. Amavuriro ari mu burere 22 bw’ubuvuzi ni ukuvuga ahegereye igihu ca congo ku mbibe n’igihugu c’u Rwanda hashizweho imigwi igizwe n’umuganga yabinonosoye umuforoma, uwize laboratoire n’uwujejwe isuku.

Ngo mu bitaro vyose barabigishije ingene bategerezwa kumenya ibimenyetso vy’indwara ya EBOLA.

Ngo ikindi naco nuko  bariko bararategura ikigo kizoshobora kuvuriramwo umuntu biketseko indwara ya EBOLA canke izindi ndwara zandukira z’ivyaduka. Ngo baramaze gushiraho ikigo c’imfata kibanza kandi mu misi 10 ico kigo kizoba gishobora kwakira neza uwuzoba yiketsweko ko iyo ndwara.

Mukurangiza, Umushikiranganji w’amagara y’abantu ahamagarira abanyagihugu kwirinda guca mu nzira zitazwi banerekana aboba baba babikoze bashobore gupimwa mu ntumbero yo kubandanya bakingira abanyagihugu.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: