#Burundi #Belgique : Kizigenza w’Intamba Murugamba Saido Berahino yaraye asinye muri Zulte Waregem.

Zulte Waregem ubaye umurwi wiwe ugira gatatu Berahino agiye kubandanirizayo ivyo gukina umupira wa maguru.

Inyuma yo kugeragezwa mu murwi wo mucicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa muri Nîmes Olympique biranka, Saido Berahino yahavuye ahabwa amasezerano yo gukinira umurwi wo mucicaro ca mbere mugihugu c’Ububirigi Zulte Waregem.

Berahino akaba yasinye amasezerano y’imyaka ibiri ariko ashobora kwongerezwa uwundi mwaka umwe. Zulte Waregem ikaba itatanze amafaranga mu kumugura kuko Stoke City umurwi Berahino yahora akiniramwo wari wamaze kumenyesha ko wahagaritse amasezerano warufitaniye nuyo mukinyi kuva aho sentare yo mugihugu c’Ubwongereza imwagirije icaha co kugendesha imodoka yaborewe.

Zulte Waregem ubaye umurwi wiwe ugira gatatu Berahino agiye kubandanirizayo ivyo gukina umupira wa maguru inyuma ya Stoke City na West Bromwich yo mugihugu c’Ubwongereza.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: