#Burundi #Belgique #Football: Saido Berahino yatanguye neza muri Zulte Waregem!

Berahino kuri uyu wa gatanu niho yaguzwe yasinye amasezerano yo gukinira Zulte Waregem hanyuma kuri uyu wa gatandatu umumenyereza Frank Dury aramutanguza mukibuga nawe amutsindira igitsindo ca kabiri ku munota wa 78.

Saido Berahino kizigenza w’Intamba Murugamba yaraye yinjirije umurwi wiwe mushasha wa Zulte Waregem igitsindo kimwe muri bibiri ku busa (2-0) Zulte Waregem waraye utsinze umurwi wa Genk mu rukino rw’indwi igira gatatu yo mw’ihiganwa ryo mugihugu c’Ububirigi.

Berahino kuri uyu wa gatanu niho yaguzwe yasinye amasezerano yo gukinira Zulte Waregem hanyuma kuri uyu wa gatandatu umumenyereza Frank Dury aramutanguza mukibuga nawe amutsindira igitsindo ca kabiri ku munota wa 78′ mugihe Zulte Waregem wari usanzwe ufise igitsindo kimwe cari cinjijwe kare na Bjordal ku munota wa 6′ urukino rurangira Zulte Waregem uronse amanota yayo atatu ya mbere kuko mu nkino zibiri ziheruka uyo murwi ntiwari bwatsinde urukino narumwe.

Saido Berahino akaba yatanguye neza muruyo murwi wiwe mushasha aho ni mugihe atari aherutse kwinjiza igitsindo mu nkino zemewe n’amategeko kuko aherutse kwinjiza igihe Intamba Murugamba zanganije na Gabon (1-1) i Libreville.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: