#Burundi #Rumonge #Music: Arnovic yaraye atahukanye Izere Award 2019.

Arnovic yasubiriye Tissa Lonick muru Izere Award.

Umuririmvyi Arnovic avuka ku Mugara muri zone Gatete intara ya Rumonge niwe yaraye atahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’umuziki ritegurwa na Radio Izere FM ikorera mu ntara ya Rumonge kubaririmvyi bavuka muriyo ntara canke baba muriyo ntara.

Arnovic n’indirimbo yiwe yise « Ndayafise » niyo ya mugejeje ku ntsinzi arushije abandi bahiganwa muriryo rya Izere Award 2019. Arnovic akaba atahukanye agashimwe kangana namafaranga umuriyoni wamarundi.

Uku niko bagiye bararushana gushika ku bibanza bine 4 vya mbere.

1. Arnovic
2. Tigger Brizz
3. DYD
4. Bill Days.

Twobibutsa yuko Arnovic aciye asubirira Tissa Lonick yari yatahukanye ako gashimwe mu mwaka w’2018 mugihe Msamaria Danielo ariwe yatanguye kugatahukana umbwa mbere mu mwaka w’2017.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: