#Juventus: Cristiano Ronaldo ntatahura amafaranga asigaye agura abakinyi!

"Iyo nari kuba mfise imyaka 25 hama umunyegori akaba agurwa imiriyoni 70M€ mugihe uyo mukinyi yoba yarakoze ivyo nakoze mu myaka iheze yosaba incuro zitatu canke zine zayo mafaranga kandi bazoyamuha bitagoranye"

Mugihe yaramaze imyaka itari mike ariwe akiri uwa mbere mubakinyi baguzwe amafaranga menshi ava muri Manchester United yimukira muri Real Madrid kumiriyoni 94 zamanyaburaya hari muri 2009, Cristiano Ronaldo w’imyaka 34 ntatahura uko imirwi isigaye igura abakinyi amafaranga menshi aho we abonako ivyo bidafise insiguro.


« Ubu umukinyi wese afise agaciro k’imiriyoni 100M€ mugihe ata kintu nakimwe yerekanye. Hasigaye hari amafaranga menshi mu mupira wamaguru. Umukinyi w’inyuma canke umunyegori ngo bagurwa imiriyoni 70M€ canke 80M€ jewe ntavyo nshigikiye » Ivyo CR7 akaba yabivugiye kumboneshakure ya TVI.

Ronaldo ntiyagarukirije ngaho yamenyesheje kandi uko abibona kuruhande rwiwe aho yagize ati :


« Iyo nari kuba mfise imyaka 25 hama umunyegori akaba agurwa imiriyoni 70M€ mugihe uyo mukinyi yoba yarakoze ivyo nakoze mu myaka iheze yosaba incuro zitatu canke zine zayo mafaranga kandi bazoyamuha bitagoranye »

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: