Nkuko vyamenyeshejwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, abajejwe intwaro mu gisagara basabwa korohereza abarongoye imigambwe mubikorwa vyabo kandi bongere bicishe bugufi.
Freddy Mbonimpa akaba yateye ako kamo mu nama yakoranye irimwo abajejwe intwaro hamwe n’imigambwe itandukanye mugisagara ca Bujumbura, hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Myandagaro umwaka w’2019.
Umushingamateka Freddy Mbonimpa yaboneyeho akaryo ko gusaba abarongoye imigambwe baraho hamwe n’abarongoye intwaro kwirinda imvugo ziteranya hamwe no kubesha.
Freddy Mbonimpa ati » twipfuza yuko ijambo umuntu avuze ku murango ari naryo yoguma agendera no mw’ijoro ». Ivyo akaba yabivuze ngo kuko harabantu kumurango baganira neza ariko hamara kuba mw’ijoro bakagira ururimi go guteranya no kubesha.
Kuvyerekeye inzo mvugo nyene ziryoshe kumurango zihinduka zikaba izo guteranya mw’ijoro, n’uwurongoye igipolisi mu gisagara ca Bujumbura yarazigarutseko. OPC1 NINGANZA Léonidas, aho yaciye ahamagarira urwaruka ruri mu migambwe itandukanye guheba iyo ngeso mbi, gongere ruze rurubaha ingingo ziba zafashwe n’abajejwe intwaro.
Bamwe mu bitavye iyo nama bakaba basavye yuko urwaruka rutoza rurivanga mu biraba ingingo zija zirafatwa n’intwaro kandi ko imvugo ziryoshe zoja zirajana n’ibikorwa.
Twobamenyesha kw’iyo nama ari imwe muyandi ma nama agiye kuzobandanya atunganywa kugira ngo amatora ategekanijwe mu mwaka w’2020 aze agere imigambwe ibanye neza.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.