#Burundi #Football: Inyuma yokurya amafaranga y’imirwi ntibariko baroroherwa gukina Primus League.

Amissi Hemed batazira "Kandolo", Chris Ndikumana hamwe na Ndizeye Thomson Seif babanza gukemurirwa ibibazo bafise kugira ngo batangure gukina ihiganwa rya Primus League.

Ihiganwa rya Primus League 2019-2020 riza ryaramaze gutangura aho inkino zibiri arizo zimaze gukinwa ku mirwi imwimwe ariko igitangaje nuko Amissi Hemed batazira « Kandolo », Chris Ndikumana hamwe na Ndizeye Thomson Seif batarakina urukino na rumwe mu mirwi baguzwemwo bivanye nuko bagirizwa kurya amafaranga y’imirwi itandukanye.

Amissi Hemedi Kandolo.

Amissi Hemedi  » Kandolo » aherutse kugurwa n’umurwi wa Flambeau Du Centre avuye muri Musongati FC nta rukino na rumwe rwa Flambeau du Centre arakina bivanye nuko ata burenganzira iramuha bwogukinira uyo murwi kuko wari waramuhaye amafaranga imbere yo kwimukira muri Flambeau Du Centre.

Chris Ndikumana

Chris Ndikumana nawe nyene nta rukino na rumwe arakinira umurwi wa Musongati FC muri zibiri umaze gukina bivanye nuko uyo murwi woba utarasubiza amafaranga uyo mukinyi yariye ya Olympic Star yari yasinyiye amasezerano y’umwaka umwe imbere yo kugaruka muri Musongati FC.

Ndizeye Thomson

Ndizeye Thomson Seif naho Vital’O FC umurwi yagiyemwo utarakina urukino na rumwe kuva ihiganwa ritangura ngo nta rukino azokina atabanje gusubiza amafaranga ya Kayanza United wari wamuhaye imbere yo guca ahindura aja muri Vital’ O FC nkuko muri Kayanza United babivuga.

Djuma Simpo.

Uwundi mukinyi urubanza rwiwe rumaze gutorerwa umuti ni Djuma Simpo yaragiye gukinira BS Dynamic adafise uruhusha rw’umurwi wiwe wa Magara Star FC ariko munyuma iyo mirwi ica ija hamwe irumvikana ubu uyo mu nyagitaza akaba afise uburenganzira bwogukinira BS Dynamic.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: