#Burundi #Football: Rukinzo FC ikoze remontada hari abayemereye ubushimwe.

Uwurongoye umurwi wa Messager Ngozi FC Dieudonne Ntibarutaye yemereye umurwi wa Rukinzo FC ko mugihe wotsinda ugakuramwo umurwi wa Triangle FC azoca awuha agashimwe k'amafaranga angana (600.000FBU) akaba yabivugiye mu kiganiro c'inkino "Viva Sport".

Inyuma yo gutsindwa ibitsindo (5-0) n’umurwi wa Triangle FC wo mugihugu ca Zimbabwe murukino rwa mbere rwa coupe de la confédération, umurwi wa Rukinzo FC niwaramuka ukoreye remontada Triangle FC murukino rwo gusubiriza ruzokinwa kuri uyu wa gatandatu ku kibuga Intwari wemerewe amafaranga numuworongoye umurwi wa Messager Ngozi hamwe n’umumenyeshamakuru wa Radio TV Buntu y’i Ngozi.

Uwurongoye umurwi wa Messager Ngozi FC Dieudonne Ntibarutaye yemereye umurwi wa Rukinzo FC ko mugihe wotsinda ugakuramwo umurwi wa Triangle FC azoca awuha agashimwe k’amafaranga angana (600.000FBU) akaba yabivugiye mu kiganiro c’inkino « Viva Sport » gica kuri Radio TV Buntu aho yarungikiye ubutumwa bugufi umumenyeshamakuru yariko arakoresha ico kiganiro Elie Haragakiza.

Uyo mumenyesha makuru nawe yenye akaba yemereye umurwi wa Rukinzo FC agashimwe k’amafaranga angana (300.000FBu) mugihe boramuka basezere Triangle FC mugutsinda ibitsindo (6-0) remontada.

Ubwo bushimwe burashobora guha inguvu abakinyi ba Rukinzo FC baherutse kuvuga ko Triangle FC atabwoba ubatera naho wabatsinze (5-0) muri Zimbabwe?

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: