#Burundi #Football: Amazina y’Abamenyereza b’Imirwi ikina Primus Ligue.

Abamenyereza batandatu kuri 16 nibo basanzwe bafise urupapuru rw'umutsindo rutangwa na CAF Licence A.

Imirwi isanzwe ikina icicaro ca mbere arico Primus League Burundi ni 16 ikaba imenyerezwa na bamenyereza bitandukanye nabo bonyene bakaba ni 16, batandatu (6) muribo basanzwe bafise impapuro z’umutsindo zo kurwego rwa Afrika (Licence A) zitangwa n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF abo nabo naba bakurikira:

  • Joslin Bipfubusa amenyereza umurwi wa Aigle Noir.
  • Omar Ntakagero amenyereza umurwi wa Bujumbura City.
  • Michel Tuhabonye amenyereza umurwi wa Les Lierres FC.
  • Jimmy Ndayizeye batazira « Giti » amenyereza umurwi wa Messager Ngozi FC.
  • Nzeyimana Mailo amenyereza umurwi wa Flambeau Du Centre.
  • Kocha Ramadhan amenyereza umurwi wa Rukinzo FC.
Bipfubusa Joslin akiri muri Messager Ngozi FC

Ayandi mazina y’abamenyereza bamenyereza imirwi ikina Primus League umwe mu rabo akaba afise urupapuro rw’umutsindo B, C na D:

-Ingabire Saidi Marcus (Athletic Academic) yarakoze ikibazo ca Licence C inyishu ntiraboneka ko yamenye.

-Patrick Nshimirimana (Bumamuru FC) yarakoze ikibazo ca Licence C inyishu ntiraboneka ko yamenye.

-Cungu Lambert (Lydia Ludic Sports for Africa Licence D).

-Jean Gilbert Kanyenkore Yaoundé (Vital’O FC Licence B)

-Manirakiza Eric (Ngozi City Licence C)

-Nkurunziza Djumaine (Musongati FC Licence C)

-Nahimana Hussein Wello (Olympic Star Licence C)

– Aimé Nzohabonayo (Kayanza United Licence D)

-Robert Bimenyimana (Inter Star Licence C)

– Papi Sadi (BS Dynamic Licence D)

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: