#Tanzania #Football: Vivier Bahati yahora muri Zimbabwe gukora iki?

Vivier Bahati icegera c'umumenyereza wa Azam FC yahora mu rugendo rwakazi muri mugihugu ca Zimbabwe aho yaragiye kuraba ukugene Triangle United ukuna mu ntumbero yo kuwitegurira neza urwo rukino.

Mugihe hasigaye iminsi umunani (8) kugira ngo umurwi wa Azam FC wo mugihugu ca Tanzania ngo utane mu mitwe n’umurwi wa Triangle United wo mugihugu ca Zimbabwe mugikombe ca Confederation Cup, Vivier Bahati icegera c’umumenyereza wa Azam FC yahora mu rugendo rwakazi muri mugihugu ca Zimbabwe aho yaragiye kuraba ukugene Triangle United ukuna mu ntumbero yo kuwitegurira neza urwo rukino.

Vivier Bahati icegera c’umumenyereza Etienne Ndayiragije muri Azam FC.

Mukwitegurira urwo rukino kandi ngo nuko umurwi wa Azam FC ngo nuko umaze no kuronka video y’urukino rwo gusubiriza Triangle FC watanye mu mitwe na Rukinzo FC rwabereye I Bujumbura ku kibuga Intwari aho banganije (0-0) ariko urwa mbere Triangle United ukaba waratsindiye Rukinzo FC hariya i Bulawayo (5-0).

Azam FC umenyerezwa n’abarundi, Etienne Ndayiragije nk’umumenyereza mukuru hamwe n’icegera ciwe Vivier Bahati nawo nyene ukaba warakuyemwo umurwi wa Kenema Fasil wo mugihugu ca Ethiopia (3-1 i Dar Es Salam 1-1 i Addis -Ababa).

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: