#Burundi #Football: Iddy Museremu abaye uwambere aronse ibitsindo bitatu.

Iddy Museremu abaye umukinyi wa mbere aronse hat-Trick muri uno mwaka w'inkino 2019-2020.

Murukino umurwi wa Messager Ngozi FC wanyagiye Les Lierres FC ibitsindo (6-0), umusatirizi wayo wo kuruhande Iddy Museremu yinjije ibitsindo bitatu (3) wenyene murivyo bitsindo (6).

Iddy Museremu ku kibuga Urukundo i Ngozi.

Iddy Museremu aciye aba umukinyi wa mbere atsinze ibitsindo bitatu muri uno mwaka w’inkino 2019-2020.

Mu mwaka w’inkino uheze 2018-2019 ibitsindo bitatu (Hat-trick) vyatanguye kwinjizwa n’umukinyi yahora akinira umurwi wa Rukinzo FC ubu abarizwa mu murwi wa Olympic Star Nihorimbere Arsene.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: