#Tanzania #Football: Etienne Ndayiragije ngo n’umuti uvura indwara zikomakomeye.

Abakunzi b'umurwi nserukiragihugu wa Tanzania Taifa Stars barizera ko Etienne Ndayiragije umumenyereza w'umurundi ariwe ashobora kubavura indwara bafise.

Etienne Ndayiragije umumenyereza w’imfata kibaza w’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania Taïfa Stars ngo n’umuti w’indwara zikomakomeye kandi ngo nukuwukoresha neza kugira ngo ubafashe. Ayo namwe mu majambo dusanga mu vyapa vya bamwe mubakunzi b’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania bahayagiza uyo mumenyereza w’umurundi.

Etienne Ndayiragije ahayagizwa n’abakunzi b’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania.

Ivyo bakaba bavyanditse inyuma yaho Taïfa Stars umurwi nserukiragihugu wa Tanzania usezerereye Intamba Murugamba umurwi nserukiragihugu w’Uburundi kuri penalty (3-0) inyuma yo kunganya (1-1) murukino rwogusubiriza rwabereye muri Tanzania kuri « Uwanja wa Taïfa » mugihe kandi no murukino rwa mbere ivyo bihugu vyose vyaranganije (1-1) murukino rwabereye ku « Kibuga Intwari » muri zankino zo kuronde itike z’igikombe c’isi yose ca 2022 kizobera mugihugu ca Qatar.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: