#Burundi #Rwanda: Ngando Omar na mukuru wiwe basinye muri Al Bishair wo muri Oman.

Ngando Omar na Ally Niyonzima abavukanyi basinye amasezerano yo gukinira umurwi wo muri Oman.

Umurwi wo mu cicaro ca mbere mugihugu ca Oman wa Al Bishair wasinyishije abavukanyi babiri, umwe n’umurundi Ngando Omar asanzwe ari bitumwako no mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba Murugamba hamwe na mukuru wiwe Ally Niyonzima wewe asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w’Urwanda nkuko vyandikwa n’umumenyeshamakuru Jean Luc Imfurayacu akorera Radio 10 yo mugihugu c’Urwanda.

Ngando omar hamwe na Ally Niyonzima bakaba bansinye amasezerano y’umwaka umwe gusa yo gukinira uwo murwi wa Al Bishair wo mugihugu ca Oman.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: