#Burundi #Tanzania: Simba SC uripfuza Frédéric Nsabiyumva Ferré.

Indongozi za Simba SC zararyoherewe urugegero rwa Frederic Nsabiyumva ndetse zikaba zipfuza ko yoza mu murwi wabo.

Umurwi wa Simba Sport Club wo mugihugu ca Tanzania ngo uriko uraresha umukinyi w’inyuma asanzwe ari ngenderwako mu Ntamba Murugamba ndetse no mu murwi wa Chippa united wo muri Afrika y’epfo Frédéric Nsabiyumva batazira Ferré nkuko ikinyamakuru Mishe Mishe Sport kibivuga.

Indongozi za Simba SC zikaba zaremeye urugero uyo murundi agezeko ni nyuma yaho bamuboneye kurukino igihugu ca Tanzania casezereye Uburundi muri zankino za mbere zo kurondera itike z’igikombe c’isi yose ca 2022 kizobera mugihugu ca Qatar.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: