#RealMadrid: Ubusatirizi bushasha ngo bwitwa BBH.

Bale, Benzema na Hazard ngo tuzakubimenya uno munsi ko bashoboye kugira ubusatirizi bise BBH.

Mu kiganiro n’abamenyesha makuru imbere yaho umurwi wiwe wa Real Madrid uzagutana mu mitwe na Paris Saint-Germain kuri uyu wa gatatu igihe c’isaha 21h00 mu masaha yo mu Burundi, Zinedine Zidane hari umumenyanyamakuru yamutwengeje aho yariko aramubaza abasatirizi ashobora gutanguza mukibuga aho uyo mumenyeshamakuru yadukanye imvungo ngo twitege ubusatirizi bwa BBH ? Aho  yagomba kuvuga Bale, Benzema na Hazard.

Zinedine Zidane ati: « Niwe ubitanguje ? ariko vyumvikana neza mu matwi, ariko tuzomenya neza icobisigura imbere ya Paris Saint-Germain ».

Mu myaka y’imyuma Real Madrid yari ifise ubusatirizi bwitwa BBC: Bale, Benzema na Cristiano Ronaldo hama  FC Barcelone nayonyene yahora ifise ubusatirizi bwa MSN: Messi Suarez na Neymar

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares