#Burundi #CHAN2020: Intamba mu Rugamba uhejeje kumaramazwa na Uganda Cranes imuhira.

Uganda ihejeje gushira ukuguru kumwe muri Cameroun ihejeje kumaramariza Uburundi ku kibuga Intwari i Bujumbura.

Umurwi  nserukiragihugu Intamba mu Rugamba uhejeje kumaramarizwa muhira n’umurwi nserukiragihugu wa Uganda (The Cranes)  ibitsindo (0-3) Mu rukino rwanyuma rwokurondera itike z’ingikombe ca CHAN 2020 zizobera mugihugu ca Cameroun.

Uganda yagiye kuruhuka igice ca mbere ifise igitsindo (1-0) cinjijwe na Viane SSEKAJUGO. Igice ca kabiri Abagande baraza kandi  bazikenyereye cane basubira kuronka ibindi bitsindo bibiri babikesheje Mzamiru Mutyaba kizigenza wabo hama Mustapha Kizza yinjiza ica gatatu urukino ruba rurarangiye Uganda Cranes utahukanye intsinzi ya (3-0).

Urukino rwogusubiriza rukazoba hagati y’igenekerezo rya 18 na 20 Gitugutu 2019.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: