#FIFA #TheBest2019 : Ehe abakinyi batatu Cristiano Ronaldo canke Lionel Messi bari batoye.

Kuri uyu wa mbere mu masaha y’ijoro mu gisagara ca Milan mugihugu c’Ubutariyano niho hatangiwe ubushimwe bw’abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi mu mwaka 2019 FIFA The Best, Lionel Messi umusatirizi wa FC Barcelona niwe yaraye agatahukanye ako gashimwe asumbije Cristiano Ronaldo na Virgil Van Dijk.

Kuri uyu wa mbere mu masaha y’ijoro mu gisagara ca Milan mugihugu c’Ubutariyano niho hatangiwe ubushimwe bw’abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi mu mwaka 2019 FIFA The Best, Lionel Messi umusatirizi wa FC Barcelona niwe yaraye agatahukanye ako gashimwe asumbije Cristiano Ronaldo na Virgil Van Dijk.

Naho Lionel Messi yaraye atowe nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi ngo sikubera ko Cristiano Ronaldo kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Portugal bafise ububasha bwo gutora abakinyi batatu, uwo ashize ku mwanya wa mbere aronka amanota 5 uwa kabiri aronka 3 uwa gatatu akaronka rimwe ariko CR7 we mubakinyi yatoye nta Lionel Messi arimwo ariko kubakinyi Lionel Messi yatoye Cristiano Ronaldo yaramushize mu kibanza ca kabiri bisigura ko yamuhaye amanota atatu.

Cristiano Ronaldo kizigenza wa Portugal mu bakinyi batatu yatoye n’aba bakurikira : Matthijs de Ligt, Frenkie de Jong na Kylian Mbappé.

Lionel Messi kizigenza wa Argentine atora: Sadio Mané, Ronaldo na De Jong bakinana muri FC Barcelone.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares