#ParisSaintGermain : Ikigo ca Camp des Loges caribwe urukomba mazi !

Ikigo co kwimenyerezamwo c’umurwi wa Paris Saint Germain wo mugihugu c’ubufaransa caribwe ibikoresho bitandukanye harimwo imyambaro y’abakinyi hamwe n’ibindi bikoresho nkuko Iradiyo France Bleu kibivuga.

Ikigo co kwimenyerezamwo c’umurwi wa Paris Saint Germain wo mugihugu c’ubufaransa caribwe ibikoresho bitandukanye harimwo imyambaro y’abakinyi hamwe n’ibindi bikoresho nkuko Iradiyo France Bleu kibivuga.

Ico kigo ca Camp des Loges gitumbereye i Saint Germain-en-Laye mu gisagara ca Paris bivurwa ko umusuma canke abasuma barivye hari mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira kuri uyu wa mbere nkuko iyo Radio France Bleu ibandanya ibivuga.

Ibikoresho bitandukanye harimwo imyambaro ya bakinyi idafise amazina, impunzu zo musi hamwe n’udukoti two kwikingira imbeho nivyo abo basuma bivye. Bakaba barinjiye kwiba ivyo bikoresho babanje kumena idirisha maze bariba nkuko iyo Radiyo yabandanije ibitangako umuco.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares