#Burundi #Football: Amakuru y’inkino avurwa muri Primus Ligue.

Muraya makuru atandandukanye ariko aravurwa kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 nyakanga 2019 turababwira ayariko aravurwa mu murwi wa Les Lierres FC, Inter Star na BS Dynamik hamwe no k'umukinyi Chris Ndikumana na Patient Muhuza batazira Zokora.

  • Mu murwi Les Lierres FC ikiriko kiravurwa nuko umumenyereza wabo Michel Tuhabonye ashobora kuzokwirukanwa biturutse ku mw’imbu mubi abandanya atanga muri Les Lierres FC ndetse ayo makuru nyene ava muri Les Lierres FC akavuga ko urukino rwanyuma yoba yahawe nurwa Kayanza United ngo niyaramuka arutakaje nawe azoca yirukanwa. Michel Tuhabonye akaba amaze gutsinda inkino 2 akanganya rumwe akaba maze gutakaza inkino 4 mu nkino 7 amaze gukina.
  • Chris Ndikumana umukinyi wa kera wa Musongati FC, Magara Star na Rumonge City yagize isanganya aha yakomeretse ku kuboko kwiwe kw’iburyo. Biravurwa ko Chris yagize isanganya aho yaragiye kugira imyimenyerezo (Entraînement). Ndikumana si ubwa mbere agize isanganya kuko no mu mwaka uheze w’2018 igihe yari yahamagawe mu Ntamba mu Rugamba yaragize isanganya agiye kwitabira akamo yaratewe. Twokwibutsa ko Chris Ndikumana muri kino gihe ata murwi afise kubera ko ari mu bihano vya FFB aho ryamuhagaritse ikiringo c’umwaka umwe azira kurya amafaranga y’imirwi ibiri Olympic Star na Musongati nkuko FFB yavyanditse.
  • Patient Muhuza batazira « Zokora » umukinyi wa Atletico Academic akina ku bibanza bitandukanye mukibuga yaraye abaye umunyegori w’umurwi wiwe inyuma yaho umunyegori wa Atletico Academic yaherewe ikarata itukuru kw’ikosa ryo gusamira umupira hanze ya muri mukore umbone (Surface de réparation) hari murukino wariko uratana mu mitwe na Inter Star (1-1).
  • Umumenyereza w’imfata kibanza wa Inter Star, Abe Niyonkuru  aridogera uburongozi bwa Inter Star ndetse abwagiriza kuba budashira mu ngiro ivyo baba basezeranye n’abamenyereza bahabwa akazi muri Inter Star. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho Robert Bimenyimana aherutse gutanga imihoho avuga ko aheraniwe amezi abiri na Inter Star.
  • Vyanka bikunda Vital’O FC iratsindwa (2-0) na Burundi Sport Dynamik nkuko bishikirizwa n’umumenyereza wa Dynamik ku makuru yahaye ikinyamakuru Mishe Mishe. Papi Sadi akaba yavuze ivyo mugihe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 nyakanga 2019 igihe c’isaha icumi zo kumugoroba (16H00) umurwi wiwe uza kwambikana na Vital’O FC ku kibuga Intwari.  

Turabasavye kudatinya kugira ico mushikirije (Commentaires) canke ico mudusaba kuri zino nkuru tubashikiriza zivuga ku makuru y’inkino k’Uburundi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: