FC Barcelona : Messi arashobora kuzosiba murukino rwa Inter de Milan ?

Ikinyamakuru L’Equipe ca bafaransa kimenyesha ko uyo munya Argentine ashobora kuzosiba inkino zibiri rwa Getafe na Inter de Milan.

Lionnel Messi kizigenza wa FC Barcelone aherutse gusubirizwa mugice ca mbere na Osmane Dembele murukino Barcelona iherutse gutsinda Villarreal (2-1) biturutse k’umvune. Itangazo rya FC Barcelona rivugako   kizigenza wabo afise imvune yo kukuguru kw’ibubamfu ariko muriryo tangazo Barcelone ntiyamenyesheje ikiringo azomara ari hanze y’ikibuga.

Ikinyamakuru L’Equipe ca bafaransa kimenyesha ko uyo munya Argentine ashobora kuzosiba urukino umurwi wiwe uzota mu mitwe na Getafe ku munsi wa gatandatu muri la Liga (16H00), ico kinyamakuru nyeye kibandanya kivugako n’urukino rw’indwi igira kabiri ya Champions League FC Barcelona izotana mu mitwe na Inter de Milan kuri uyu wa kabiri w’indwi iza uyo mukinyi ashobora kutazoboneka muri urwo rukino.

FC Barcelone murukino rwa mbere rwa Champions League ukaba waranganije na Dortmund (0-0) murukino Messi yinjiye atevye.

Ntimutinye kugira ico mushikirije (Commentaires) canke ico mudusaba kumakuru yose tubashikiriza.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: