Flambeau Du Centre : Nzeyimana Mailo ngo biteguriye ibitangaza mu urukino rugiye kubahuza na BS Dynamik !

"Mu nkino zose ziza kutugora nuru rwa Dynamik" Uwu ni Nzeyimana Mailo abivuga.

Umumenyereza w’umurwi wa Flambeau Du Centre uramutswa ikibanza ca mbere muri Primus Ligue n’amanota 18 mu nkino 7 umaze gukina bikaba vyumvikana ko uyo murwi umaze gutakaza urukino rumwe gusa, avugako  urukino ruzobahuza na BS Dynamik mu ndwi igira umunani ya Primus Ligue Burundi ko ari urukino biteze ibitangaza. Ivyo akaba yarabishikiriye inyuma yaho umurwi wiwe utsindiye Les Lierres FC (2-0).

Photo Credit: Mishe Mishe Sports

Uyo mu menyereza wa kera wa Vital’O FC Nzeyimana Mailo imbere y’abamenyeshamakuru yagize ati : « Tugiye gutegura urukino rwa Dynamik n’urukino ruzo gorana. Mu nkino zose ziza kutugora nuru rwa Dynamik. Kuko bizoba ari ibitangaza biza kuboneka muriyi ndwi igira umunani kuko imirwi yose igiye gukina twebwe canke iyindi mirwi irashobora kuzotakaza ibibanza».

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: