Inter Star: Abin Habimana ngo ntibikunda ko aba umumenyereza mukuru!

Abantu barashobora kubona ko hageze ko noba umumenyereza mukuru ariko muri Inter Star suko babibona.

Umumenyereza w’imfata kibanza mu murwi wa Inter Star ngo ntacizere afise co kubanya ariwe mumenyereza mukuru w’umurwi wa Inter Star kubera ko batamwizera.

Abin Habimana yakiniye Inter Star yongera arawuduza mu cicaro ca mbere awukuye mu cicaro ca kabiri mu mwaka w’inkino uheze wa 2018 aho yafashanya na Aimé Nzohabonayo aramutswa ubu umurwi wa Kayanza United avugako kandi umwanya numwanya uyo murwi uzohava uzana uwundi mu menyereza.


“Nokwishura ko bitoshoboka ko nguma ndi umumenyereza mukuru wa Inter Star kuko umwanya numwanya Star izohava izana uwundi mu menyereza kandi bamuzanye sinzovyanka nzomwakira nzomwereka umurwi uko umeze nanje nzoguma ndi icegera ciwe. Abantu barashobora kubona ko hageze ko noba umumenyereza mukuru ariko muri Inter Star suko babibona ahubwo bavuga ko ngo noba mfise urugero ruto rwo kumenyereza umurwi wo mu cicaro ca mbere”.

Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho umurwi wiwe wa Inter Star wanganirije na Athletico Academy (1-1) mu rukino rw’indwi y’indwi ya Primus Ligue Burundi rwabereye ku kibuga Intwari i Bujumbura

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: