Kayanza United: Aimé Nzohabonayo ahejeje gukomborwa !

Aimé Nzohabonayo yagirizwa umwimbu udashemeye mu murwi wa Kayanza United amaze gukina inkino 5 akaba amaze kunganya 2 atsindwa gatatu.

Inyuma yaho umurwi wiwe utsindiwe ibitsindo (5-0) n’umurwi wa Bujumbura City, umumenyereza w’umurwi wa kayanza United ahejeje gukomborwa n’abarongoue uyo murwi nkuko bahejeje kubicisha kurubuga rwabo rwa Instagram.

Aimé Nzohabonayo yagirizwa umwimbu udashemeye ukudatanga no kutamenya gutunganya abakinyi biwe ni kimwe muvyatumye uyo mumenyereza ahagarikwa mumabanga yiwe. Umurwi wa Kayanza United akaba yarawumenyereje inkino 5 akaba amaze kunganya 2 atsindwa gatatu.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: