Flambeau Du Centre : Umunsi bazovugira ko bagiye gutahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi wamenyekanye.

Ngo ntiharagera ko bavuga ariko bakavugako igice ca mbere c'ihiganwa giheze bazoca bavuga.

«Igihe dutsindwa na Bumamuru FC narabawiye ko dushaka kuzoheza igice ca mbere c’ihiganwa turi muri vya bibanza bine vya mbere. Kandi zotanga inyishu yuko nzotahukana igikombe umunsi tuzoba dutanguye igice ca kabiri c’ihiganwa ». Ivyo ni vyashikirijwe na Nzeyimana Mailo umumenyereza w’umurwi wa Flambeau Du Centre inyuma yaho umurwi wiwe waruhejeje kwirahira umurwi wa Les Lierres FC (2-0) mu ndwi igira indwi ya Primus Ligue Burundi murukino rwabeye i Gitega ku kibuga Ingoma.

Flambeau Du Centre ukaba ubarizwa mu kibanza ca mbere muri Primus Ligue Burundi aho ufise amanota 18 mu nkino 7 ukaba umaze gutakaza urukino rumwe gusa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: