Kayanza United: Aimé Nzohabonayo yirukanishijwe n’abakinyi.

Aimé Nzohabonayo yagiriza cane abakinyi biwe b'inyuma ukuntu bitwaye muri urwo rukino ndetse aho avugako adatahura ukuntu bagiye barareka abakinyi ba Buja City bakinjiza ibitsindo.

Umumenyereza aherutse kwirukanwa mu murwi wa Kayanza United avugako adatahura ukuntu abakinyi biwe bakinye urukino rwa Bujumbura City aho batsinzwe (5-0).

Aimé Nzohabonayo yagiriza cane abakinyi biwe b’inyuma ukuntu bitwaye muri urwo rukino ndetse aho avugako adatahura ukuntu bagiye barareka abakinyi ba Buja City bakinjiza ibitsindo. Yongeye  avuga ko ata nakimwe kibera ubusa.

Ivyo akaba yarabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma yurwo rukino rwa Buja City.


Aimé Nzohabonayo ati : « Ikimbabaje nuko abakinyi banje binyuma batigeze bashiramwo inguvu kugira ngo bazibire basi barekuye Buja City yitsindire. Urukino rutaratangura umukinyi nari nashize hariya imbere umukinyi wo hagati sinari niteza ko aza gusatira ari wenyene mugabo nari niteze ko aza gufashanya n’abandi bakinyi bo kuruhande banyaruka mugabo urabona ko Prete wewe vyanse, Elihoud nawe vyamwankiye cane, Abdi nawe sintahura muvyo yakoze vyose vyaranse kabisa « .  Aho yariko arasigura.

 Uyo mumenyereza wa kera wa Inter Star yongeye amenyesha  ko agiye kubaza abakinyi biwe kuko ngo ntakibera ubusa.

 « Ica mbere ngiye gukora ngiye kubaza abakinyi banje kuko ntakintu kibera ubusa. Mbonye ururukino bahejeje gukina nibazako hariho ibintu vyinshi ndababaza numve ivyo ari vyo kuko ntibishobora kumera kurya ».

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: