Messager Ngozi FC: Arthur Nibikora aracafise vyinshi vyo gukosora.

Umusatirizi akiri muto wa Messager Ngozi FC, Arthur Nibikora ngo aracafise vyinshi vyo gukosora na cane cane muvyo kuduza urugero rwiwe nkuko bivurwa n’umumenyereza wiwe

Umusatirizi akiri muto wa Messager Ngozi FC, Arthur Nibikora ngo aracafise vyinshi vyo gukosora na cane cane muvyo kuduza urugero rwiwe nkuko bivurwa n’umumenyereza wiwe.

Jimmy Ndayizeye avuga kandi ko bagiye gufasha uwo musatirizi mu bitari kike kugira ngo abandanye atera imbere.


“Uravye uko Arthur yatanguye ihiganwa neza wabonako ari umuntu akomeye ariko munyuma urugero rwiwe rwaragabanutse buhoro buhoro urabona ko kurukino rwa Flambeau Du Centre urugero rwiwe rwari hasi cane ariko ubu urabona ko ariko aragerageza kugarukana  urugero rwiwe, nkuko nababwiye Arthur n’umwana akiri muto cane aracafise ibintu vyinshi vyo gukosora nivyo tugiye kuzoza turagerageza gukorerako kugira turabe yuko azoshobora kumera neza” .  Ivyo akaba yarabishikirije mugihe uwo musore ariwe yinjirije ibitsindo vyose bibiri Messager Ngozi FC murukino watsinze (2-1) Athletico Academy.

Arthur Nibikora.
Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: