Vital’O FC: Kanyenkore yagize ico ahanura umurwi wa Inter Star.

Jean Gilbert Kanyenkore yahanuye umurwi wa Inter Star kubandanya ukina nkuko bakinye nabo mu rukino banganije (1-1).

Umurwi wa Inter Star uhanurwa kubandanya ukina uko wakinye na Vital’O FC. Izo ni mpanuro z’umumenyereza wa Vital’O FC Jean Gilbert Kanyenkore aho ahanura kandi Inter Star ko umurwi atari Vital’O FC wonyene.

Staff ya Vital’O FC na Staff ya Inter Star.


“Urukino rwari rwiza cane ku mpande zose, Inter Star yokwigira inama nabo bakaza bakina inkino zose nkuko bakinye  uno munsi, urukino surwa Vital’O FC gusa ariko biraryoheye kubona Inter Star ivyuka ifise umurwi mwiza babandanije gutya ukongerako niyindi mirwi maze kubona umupira wo ngaha wokomera kandi nka kera”.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: