Musongati FC : Ihangiro ryuwo murwi ntiriramenyekana !

Ihangiro ry’umurwi wa Musongati FC ntiriramenyeka muri uno mwaka w’inkino kiretse ko ihangiro ry’uwo murwi rizomenyekana mugice ca kabiri c’ihiganwa rya Primus League Burundi nkuko bishikirizwa na Djumaine Niyonkuru.

Ihangiro ry’umurwi wa Musongati FC ntiriramenyeka muri uno mwaka w’inkino kiretse ko ihangiro ry’uwo murwi rizomenyekana mugice ca kabiri c’ihiganwa rya Primus League Burundi nkuko bishikirizwa n’umumenyereza wuwo murwi ukunzwe cane mu ntara ya Gitega.

Niyonkuru Djumaine amenyesha ko bazogira ico bavuze igikorwa bafise ubu nico kubaka umurwi wa Musongati FC ariko bazogira ico bavuze mugice ca kabiri c’ihiganwa. Uyo mumenyereza wa kera wa Inter Star agira ati :


«Ihangiryo rya Musongati FC muzorimbaze mugice ca kabiri c’ihiganwa. Ubu turiko dukina kugira ngo tubanze twubake umurwi, kuko abakinyi bari bawurimwo mu mwaka uheze sibo bawurimwo ubu niyo mpamvu duhereye mu kuwubaka ubwambere ». Ivyo akaba yarabishikirije mukiganiro yahaye abamenyesha makuru inyuma yaho umurwi wiwe wanganije na Lydia Ludic (0-0).

Twobibutsa yuko Musongati FC uri mukibnza ca gatatu muri Primus Ligue n’amanota 20 ukarushwa amanota na Messager Ngozi FC uri mukibanza ca mbere.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: