Europe Football: Inkuru zitandukanye ziriko ziravurwa ku bakinyi no ku mirwi itandukanye.

Cristiano Ronaldo yahawe umwambaro w'ibitsindo 700, Jadon Sancho aripfuzwa na Real Madrid, Gabriel Jesus yahambije abandi banya Brésil, Ceballos nawe ntiyipfuza kugaruka muri Real Madrid.

Hari inkuru nyishi ziriko ziravurwa ku mugabane wa bulaya, haba ku bakinyi haba ku mirwi zo kuri uyu wa mbere izo nkuru akaba ari izi zikurikira:

-Cristiano Ronaldo yarahawe umwambaro wanditsweko igiharuro 700 gisigura ibitsindo aherutse gukwiza kuva agitangura gukina umupira w’amaguru.

Cristiano Ronaldo. Copyright

-Gabriel Jesus ubusatirizi wa Manchester City agiye murutonde rw’abanya Brésil bamaze gukwiza canke kurenza ibitsindo 30 mugihugu c’Ubwongereza. Firminho (51buts) Coutihno (41buts) Jesus (30buts).

Gabriel Jesus. Copyright.

-Real Madrid iripfuza umusatiri w’umwongereza akinira Dortmund,  Jadon Sancho.

Jadon Sancho. Copyright.

-Imirwi itatu niyo isigaye itaratsindwa muri ya mahiganwa atanu yo kumugabane wa buraya nayo ni Liverpool, Wolfsburg na Juventus.

-Dani Ceballos umukinyi wa Real Madrid yatijijwe mu murwi wa Arsenal ngo yipfuza kwigumira muri uyo murwi mugihe agatizanyo kiwe korangira muri Arsenal.

Dani Ceballos. Copyright
Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: