#Burundi: Ihiganwa ry’Abatwaza Amakinga ry’uno Musi Ryatahukanywe na NKURUNZIZA Eric

Iryo hiryanwa rero, ryari ribereye ijisho kandi ubona ko abantu benshi bari baje kurirorera mu gisagara ca Magara, ryatanguye igihe c'isaha zitatu n'iminuta mirongo itatu n'ine (09h34).

Uno musi kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2019, haramutse hatunganywa ihiganwa ryabatwaza amakinga ryabereye i Magara muri Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge.

Muri iryo higanwa ryabiruka bakoresheje amakinga, hari hitezwe abanonotsi batanu (5) bavuye mu Gitaza muri Komine Muhuta, basanzwe bimenyereza muri Gitaza Star Athletics Club, abandi batanu (5) bavuye mu Minago, Komine Rumonge, basanzwe bimenyereza muri Club d’Athlètisme Minago Star AC, n’abatanu (5) bandi bavuye i Magara muri Komine Bugarama, bimenyereza muri Magara Star AC. Ariko, ku mvo zitandukanye, bashoboye gushika abanonotsi cumi (10) muri cumi n’abatanu (15) bari bitezwe muri rino higanwa.

HAPPENING NOW:
Le Tour de Magara en cours à @TownOfMagara en @RumongeProvince.

Le #TourDeMagara est une course à bicyclette organisée chaque année par l’Académie @SAABurundi qui regroupe le @GitazaStarAC, @MagaraStarAC et le @MinagoStarAC dans le but de promouvoir l’Athlètisme. pic.twitter.com/0YYztsgVib— Star Athletics Academy 🚴🏿‍♂️🏃‍♀️ (@SAABurundi) 29 December 2019

Journal Magara Times yari yahishikiye kugira ibahe inkuru y’imvaho y’ivyo bikogwa vyakarorihore bisanzwe bitamenyerewe cane kuboneka mu Ntara Kama y’Imbo, cane cane mu kiyaya c’Imbo aho urwaruka rwinshi ruhatuye usanga rwitaho cane umupira w’amaguru kurusha ukwo rukunda ibijanye no kwirukanga, haba ku maguru canke ku makinga.

Bwana Christian NSENGIYUMVA, asanzwe ari Umuyobozi w’Ibijanye n’Ubuhinga (Directeur Technique « DT ») wa Akademi y’Abanonotsi « Star Athletics Academy », SAA mu bugufi, nkuko tubikesha uruburwa rwa Tour de Magara kuri Twitter, yavuze y’uko : « Uno musi ihiganwa ryagenze neza kurusha ubushize (muri 2017) kandi abantu benshi vyabashimishije. Benshi banatusavye (banabasavye) ko Amahiganwa nkaya yoba kenshi kugira urwaruka rumenyere Cyclisme. »

Iryo hiryanwa rero, ryari ribereye ijisho kandi ubona ko abantu benshi bari baje kurirorera mu gisagara ca Magara, ryatanguye igihe c’isaha zitatu n’iminuta mirongo itatu n’ine (09h34). Rikaba ryatanguriye aho bita kuri Parking y’ama Taxi-Motos, aho abantu bafatira ipikipiki bashaka kuja mu mihingo itandukanye ya Komine Bugarama.

Abahiganwa batanguye biruka ku makinga bagana baja i Burangwa, mw’ibarabara riduga rija muri Zone Ruteme riciye muri Zone Bugarama – izo zone zose zikaba ziri muri Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge. Abahiganwa baduze gushika ku birometero icenda (9 km) uduga uja i Burangwa, baca barahindukira baramanuka bashitse i Magara II mu gisagara hagati baca bakikama mw’ibarabara rija kuri Paruwase ya Katolika. Barongera barakikama baragaruka bagenda baja agana mu Rumonge gushika kw’ibarabara rija i Bugarama, aho baciye bamanuka baja kw’ibarabara rija i Bujumbura rya kaburimbo. Urugendo rwose rwangana n’ibirometero mirongo ibiri (20 km).

Ukwo bagiye barakwirikirana gushika ku mpera z’ihiganwa n’uko Uwambere yashitse isaha zitatu n’iminuta mirongo itanu n’ibiri (09h52), uwanyuma nawe ashika isaha zine n’iminuta itandatu (10h06).

Muri rusangi, ihiganwa ryagenze neza kiretse umunonotsi babiri (2) bagize ivyago aho uwitwa NDUWIMANA Emmanuel yagonganye n’umu taxi-vélo bituma ikinga ryiwe risambuka amafire y’imbere. Uwundi nawe yitwa NIYOMWUNGERE Moïse ashitse kw’ibarabara rya kaburimbo, rija mu Rumonge rivuye i Bujumbura, ikinga ryiwe ryataye umunyororo bituma arireka ayora irindi irindi ryari uruhande arabandanye yiruka mw’ihiganwa. Eka naho vyari ivyago, benshi bo babonye ko bifise insiguro ikomeye kandi vyerekana ishaka ridasanzwe uyo musore afise.

Urutonde ry’ukuntu Barushanije mw’ihiganwa :

01. NKURUNZIZA Eric                 : 18.00 min

02. NIYOMWUNGERE Moise         : 23.00 min

03. NIYONIZIGIYE Diomede        : 25.00 min

04. HABARUGIRA Jérémie            : 28.00 min

05. IRAKOZE Augustin                  : 29.26 min

06. NDAYISHIMIYE Donatien       : 30.00 min

07. MURISHI Emmanuel               : 30.41 min

08. NSHIMIRIMANA Luc               : 31.05 min

09. NDUWIMANA Emmanuel       : 31.33 min

10. YAMPEZAGIYE Jean Claude    : 32.17 min

Mu ntumbero yo kubatera intege no kubashimira abo banonotsi kubona batonze mur’ivyo bikorwa, Akademi « SAA » yabashikirije agasabuni kari karungitswe na Fondation NGD, isanzwe ariyo inagaba iyo Akademi. Ako gasabuni bakaronse kuno gukwirikira : Uwambere (1er) akaba yahawe ibahasha irimwo amafaranga ibihumbi mirongo itatu (30.000 BIF), Uwakabiri (2ème) ahabwa ibahasha irimwo ibihumbi mirongo ibiri na bitanu (25.000 BIF), Uwagatatu (3ème) aronka ibahasha y’ibihumbi mirongo ibiri (20.000 BIF), Uwakane (4ème) we aronka ibahasha ry’ibihumbi cumi na bitanu (15.000 BIF), Uwagatanu (5ème) atahukana ibahasha irimwo amafaranga ibihumbi cumi (10.000 BIF). Hanyuma abandi batanu (5) bakurikira, umwe wese, yaronse ibihumbi bitatu (3.000 BIF). Ivyo birori ryo gutanga utushirukabute vyabereye aho bita ku Kabare kwa Tarasisi i Magara. Agatutu nako nyene kabereye aho nyene kandi kari kanatumiwemwo abantu batandukanye harimwo nabo banonotsi.

Twibuke y’uko iryo higanwa “Tour de Magara” ryari ihiganwa rigira kabiri ryo kwiruka ku makinga ritegugwa na Akademi SAA. Irya mbere ryabaye i Magara nyene mu mwaka w’ibihumbi bibi na cumi n’indwi (2017). Iryo higanwa rikaba ritumirwamwo imigwi ihurikiye mur’iyo Akademi, nayo ikaba ari : Magara Star AC, Gitaza Star AC na Minago Star AC. Twibuke kandi y’uko Akademi SAA ifise n’irindi higanwa ry’abiruka ku maguru « Magara Cross Country » rimaze kuba incuro zibiri (2) i Magara no mu Gitaza.

JMT Newsdesk

Amakuru yo mu karere ya Journal Magara Times; ikinyamkuru kigushikiriza amakuru yo mu karere n'ayo mu makungu mu Kirundi. | Email: info@rn.magaratimes.com | Twitter: @JMTKirundi | Instagram: @JournalMagaraTimes | Facebook: @JournalMagaraTimes |

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares