#Tanzania: Diamond Platnumz, Samuel Eto’o mu Migambi yo Gutanguza Ishure ry’Umupira w’Amagaru.

Ariko uwo muririmvyo mpunzamakungu, Diamond Platnumz, ntaravuga umwanya n’umusi azoshira uwo mugambi wiwe mu ngiro ategura gukorana na Samuel Eto’o. Guhika ubu, ikizwi n’uko azoshinga ishure ry’umupira w’amaguru hanyuma aheze agure umugwi usanzwe ukina mu cicaro cambere muri Tanzaniya kugira bimworohere kwinjira mu rudandazwa rw’inkino.

Umuririmvyi mpuzamakungu w’Umutanzaniya, Nasibu Abdul, benshi kw’isi bazi kw’izina ryiwe ry’umwuga nka « Diamond Platnumz », aheruka kumenyesha ibinyamakuru ko ari mu biyago bidasanzwe kandi bimaze igihe n’Umukinyi mpunzamakungu w’Umupira w’Amaguru aturuka mu gihugu ca Kamerune, azwi kw’izina ryiwe rya « Samuel Eto’o », ku bijanye n’ukuntu boshinga ishure ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Tanzaniya.

Amakuru dukesha Daily News n’ibindi binyamakuru bitandukanye vyo mu karere vyandika amakuru y’inkino aremeza yuko Diamond amaze igihe gitari gito yiyumvira ukuntu yoja mu rudandazwa rw’inkino z’umupira w’amaguru kuva aho aboneye ko rwinjiza amahera menshi mu bihugu vyo muri Afurika y’Ubuseruko na cane cane mu gihugu ciwe ca Tanzaniya. Niho rero Diamond yatangura kurondera umukinyi w’umupira w’amaguru azwi cane kw’isi kandi akunda guteza imbere abandi bakinyi baturuka muri Afurika, uyo nawe akaba ari Samuel Eto’o.

Mu misi iheze, Diamond yarigeze kwumvikana avuga ati : « Kare, niyumvira ko gushira imitahe mu rudandazwa vy’inkino bitarimwo inyungu ariko ubu ndabona ko nibeshe, birimwo amahera meza kandi menshi. Muri kazoza ka hafi, nzoba nfise umugwi wanje w’umupira w’amaguru ukina mu cicaro cambere ca hano iwacu kuko sinipfuza gutangurira hasi ku ntango muri runo rudandanzwa rukomeye cane. »

Diamond yabandanije avuga ko naho ashaka kugura umugwi wo mu cicaro cambere muri Tanzaniya, kizwi nka « Mainland Premier League », aripfuza no gushinga ishure ry’umupira w’amaguru rizohora rimurerera imikangara kugira abo bakinyi b’imikangara bakuze babandanirize kugina mu murwi w’abakuze azoba afise mur’ico cicaro cambere.

Ariko uwo muririmvyo mpunzamakungu, Diamond Platnumz, ntaravuga umwanya n’umusi azoshira uwo mugambi wiwe mu ngiro ategura gukorana na Samuel Eto’o. Guhika ubu, ikizwi n’uko azoshinga ishure ry’umupira w’amaguru hanyuma aheze agure umugwi usanzwe ukina mu cicaro cambere muri Tanzaniya kugira bimworohere kwinjira mu rudandazwa rw’inkino.

Ikindi kizwi n’uko uyo muririmvyi rurangiranwa, Diamond Platnumz, bizomworohera cane kumenyekanisha ivyo bikorwa bishasha azoba agiyemwo na rirya asanzwe afise Insamirizi « Wasafi FM » n’Imboneshakure « Wasafi TV » bizomufasha gushikana ubutumwa n’amatangazo kure mu gihugu ciwe no kw’isi hose. Diamond ahiriwe ahishije kuko, hiyongeyeko n’Uruganda rwiwe rw’Indirimbo « Wasafi Records », bizoba vyoroshe cane gukorana n’abandi baririmvyi nkawe mu kumenyekanisha urwo rudandazwa rw’iwe rushasha rw’inkino z’umupira w’amaguru.

Benshi bariteze yuko uwo mugambi wa Diamond uzotera imbere vyihuse kuko, hamwe Samuel Eto’o yomwemerera ko bakorana mur’iryo shure, yoba afise izina rikomeye n’ubumenyi bukomeye vyoba bije kwongereza inguvu mur’ico gikorwa. Uwo nawo ukaba ari uwundi mutahe ukomeye utokwirengagizwa kw’isi na rirya bizwi neza ko Samuel Eto’o agifise icubahiro gikomeye kw’isi mubijanye n’umupira w’amaguru naho ubu we ari umu kukuroke mur’uwo mwuga w’umupira w’amaguru.

JMT Newsdesk

Amakuru yo mu karere ya Journal Magara Times; ikinyamkuru kigushikiriza amakuru yo mu karere n'ayo mu makungu mu Kirundi. | Email: info@rn.magaratimes.com | Twitter: @JMTKirundi | Instagram: @JournalMagaraTimes | Facebook: @JournalMagaraTimes |

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: