#Burundi #JMTUpDates: Umukinyi Jospin NSHIMIRIMANA wa Aigle Noir CS Niwe Ari Kw’Isonga ry’Ibitsindo Uno Musi muri Bangabandhu Gold Cup.

Uno musi kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2020 niho uwo mugwi w’umupira w’amaguru « Aigle Noir CS » waserukiye Uburundi wahuye n’umugwi waje userukiye igihuhu ca Mauritius ku muhingamo. Muri runo rukino Uburundi bwatsinze Mauritius ibitsindo 4 kuri 1. Ariko naho Mauritius yatsinzwe, niyo yari yatanguye gutsinda Uburundi mu minota yambere urukino rugitangura.

Umugwi Aigle Noir Club Sportif wo mu Ntara ya Makamba, usanzwe ukina mu Cicaro ca Mbere mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi « FFB » niwo waserukiye igihugu c’Uburundi mw’Ihiganwa Mpuzamakungu ry’Umupira w’Amaguru ryo mu gihugu ca Bangladesh ririko rirabera mu gisagara ca Dhaka kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika 15 Nzero 2020.

Uno musi kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2020 niho uwo mugwi w’umupira w’amaguru « Aigle Noir CS » waserukiye Uburundi wahuye n’umugwi waje userukiye igihuhu ca Mauritius ku muhingamo. Muri runo rukino Uburundi bwatsinze Mauritius ibitsindo 4 kuri 1. Ariko naho Mauritius yatsinzwe, niyo yari yatanguye gutsinda Uburundi mu minota yambere urukino rugitangura.

Ivyo bitsindo 4 vy’umugwi w’Uburundi vyinjijwe na NDIKUMANA ku munota wa 41 hamwe na NSHIMIRIMANA ku minota ya 28, 47, na 85. Ku ruhande rwa Mauritius, igitego kimwe conyene batahukanye cinjijwe na FRANÇOIS ku munota wa 3. Vyumvikane neza yuko umukinyi Jospin Nshimirimana yinjirije Uburundi ibitsindo 3 ku kuguru kwiwe bwegu, akaba ari nawe umukinyi amaze gutsinda ibitego vyinshi kuva iri higanwa ritanguye icese ejo ku musi wa Gatatu igenekerezo rya 15 Nzero 2020.

Ano mahiganwa yitabwe n’ibihugu 6 ; ari navyo : Bangladesh, Palestine, Burundi, Mauritius, Seychelles, na Sri Lanka. Mur’ivyo bihugu biri mur’izo nkino z’uno mwaka i Dhaka, ibihugu 3 (Burundi, Seychelles, Mauritius) vyo muri Afurika nivyo bishasha muri Bangabandhu Gold Cup.

Ibihugu vyateguwe guhura mu migwi ibiri, ariyo Umugwi « A » n’Umugwi « B ». Mu mugwi A, harimwo: Bangladesh, Palestine, na Sri Lanka. Mu mugwi B, harimwo : Burundi, Mauritius, na Seychelles.

Inkino zihuza iyo ivyo bihugu nazo zateguwe kuno :

  • Igice ca Mbere :
  • 15 Nzero 2020 : Bangladesh 0-2 Palestine (mu mugwi A).
  • 16 Nzero 2020 : Mauritius 1-4 Burundi (mu mugwi B).
  • 17 Nzero 2020 : Palestine vs. Sri Lanka (mu mugwi A).
  • 18 Nzero 2020 : Burundi vs. Seychelles (mu mugwi B).
  • 19 Nzero 2020 : Sri Lanka vs. Bangladesh (mu mugwi A).
  • 20 Nzero 2020 : Seychelles vs. Mauritius (mu mugwi B).
  • Igice co Gukuranamwo :
  • 22 Nzero 2020 : Uwa 1 mu Mugwi A vs. Uwa 2 mu Mugwi B.
  • 23 Nzero 2020 : Uwa 1 mu Mugwi B vs. Uwa 2 mu Mugwi A.
  • Igice ca Nyuma :
  • 25 Nzero 2020 : Uwatsinze kuwa 22 Nzero vs. Uwatsinze kuwa 23 Nzero.

Rino higanwa « Bangabandhu Gold Cup » ni ihiganwa mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru ribera mu gihugu ca Bangladesh kuva mu mwaka wa 1996 kandi ry’itiriwe Bangabandhu Sheikh Mujibur Rahman, yabaye Umukuru w’Igihugu wa Mbere wa Bangladesh kandi yongera aba Umuministri wa Mbere wa Bangladesh inyuma hano.

Igikombe c’ubushize cari catahukamye n’igihugu ca Palestine mu mwaka wi 2018. Igihugu kimaze gutwara ibikombe vyinshi mur’iryo higanwa ni Malaysia, imaze gutwara ico gikombe incuro zibiri, muri 2015 no muri 1997, ariko uyu mwaka bakaba bititavye yano mahiganwa ya Bangabandhu Gold Cup.

JMT Newsdesk

Amakuru yo mu karere ya Journal Magara Times; ikinyamkuru kigushikiriza amakuru yo mu karere n'ayo mu makungu mu Kirundi. | Email: info@rn.magaratimes.com | Twitter: @JMTKirundi | Instagram: @JournalMagaraTimes | Facebook: @JournalMagaraTimes |

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares