#Burundi #Football. Flambeau Du Centre yaguze abakinyi indwi murabo harimwo babiri ba Musongati FC.
Murabo bakinyi harimwo Issa Hakizimana akina kuruhande rw'inyuma hamwe na Roger Bigirimana akina hagati abo bompi bakaba baguzwe bavuye mu murwi wa Musongati FC basanzwe basangiye igisagara ca Gitega.
Umurwi wa Flambeau Du Centre (Messager Gitega) wamenyesheje ubicishije kurubuga rwa Academie Messager ko umaze kugirana amasezerano n’abakinyi indwi, murabo bakinyi harimwo Issa Hakizimana akina kuruhande rw’inyuma hamwe na Roger Bigirimana akina hagati abo bompi bakaba baguzwe bavuye mu murwi wa Musongati FC, umukeba wabo basangiye igisagara ca Gitega.


Urutonde rw’abakinyi bose indwi Flambeau Du Centre yaguze hamwe n’imirwi baje bavamwo ngaba ngaha:
1. Samir Hassan: Garage Express (icicaro ca 2 Gitega)
2. Asmani Amisi: (Flambeau Du Centre uyu we yongereje amasezerano y’imyaka 2)
3. Jean Paul Kiza: (Bumamuru FC)
4. Titi Mavugo: (Aigle Noir)
5. Roger Bigirimana : (Musongati FC)
6. Issa Hakizimana :(Musongati FC)
7. Evrard Ragiryimana: (Aigle Noir).
Si ubwambere umurwi wa Flambeau Du Centre ugura abakinyi ba Musongati FC. Akarorero ka hafi ni Djuma Muhammed uwahoze ari kizigenza wa Musongati FC yaguzwe na Flambeau Du Centre hari mu mwaka w’inkino wa 2018-2019.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.