#Burundi #Football: Urutonde rwa Vital’O FC rugiye kwerekeza muri Tanzania gutana mu mitwe na Simba SC.

Urutonde Vital'O FC izokwitwaza hariya i Dar Es Salam gucakirana na Simba SC.

Umurwi wa Simba SC wo mugihugu ca Tanzania waratumiye umurwi wa Vital’O FC mu birori vyawo bise « Simba Day », muntumbero yo kuzotana mu mitwe mu rukino rwakivandimwe rutegekanijwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 myandagaro 2020.  Urwo rukino, rukazobera ku kibuga citiriwe Mkapa mu gisagara ca Dar-Es Salam, rukazokinwa igihe c’isaha 17h00 zo kumugoroba amasaha yo muri Tanzania, igihe c’isaha 16h00 amasaha yo mu Burundi.

Muri urwo rukino rwa  rwakivandimwe umurwi Vital’O FC uzotana mu mitwe na Simba SC,  uru nirwo rutonde bivurwa n’ikinyamakuru burundisport ko  Vital’O FC  izogenda yitwaje hariya  i Dar-Es Salam:

Kasereka Chance, Irungura Yves, Christian Kalondji, Bizimana Joe, Nahimana Jyslain, Abu Jurese, Djumapili Iddy, Shaka Trésor, Ndayishimiye Hussein, Mugisha Alfred, Nahimana Steve, Pepe Mangubunyampara, Ndikumana Magloire, Nzeyimana Djuma, Murangira Ramires, Gasore Pépé, Kasereka Thierry, na Salum Ramadhan.

Umumenyereza mukuru: Mpotela Mboya Emand

Icegera ciwe: Alain  Ndizeye Bangama

Umuganga: Irakoze Arcela.

Abakinyi Vital’O FC yakinishije mu mwaka w’inkino uheze 2019-2020.

Mwokwibuka ko Simba SC niwo murwi wabaye uwambere mw’ihiganwa rikuru ryo muri Tanzania Vodacom Premier League 2019-2020 mugihe Vital’O FC warangije mu kibanza ca gatandatu muri Primus League 2019-2020.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares