#Burundi #Football: Uburundi buzotana mumitwe na Misiri.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba Murugamba uzotana mumitwe n’umurwi userukira Igihugu ca Misiri Les Pharaohs mu rukino rwakivandimwe rutegekanijwe, igenekerezo rya 3 ruheshi 2021, rukazobera I Cairo mugihugu ca Misiri (Egypte), nkuko vyamenyeshejewe na Reverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe  ry’umupira wa maguru m’Uburundi FFB, abicishije kurubuga rwiwe rwa facebook.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba Murugamba mu rukino batanye mu mitwe na République Centrafrique (2-2) kuri Stade Intwari i Bujumbura.

Intamba Murugaba (Burundi), zigiye kwipima n’umurwi ufise ibikombe vyinshi vya CAN (7) umaze gutahukana ndetse ukaba ubarizwa mu kibanza ca 46 kw’isi kuri rwa rutonde rusohorwa n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru kw’isi FIFA uko ukwezi gutashe, mugihe Uburundi bubarizwa mu kibanza 142 kw’isi.

Twobibutsa yuko umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba Murugamba, witabiriye kuncuro yawo ya mbere CAN 2019 yabereye muri Misiri, utazokwitabira CAN 2021 izobera mugihugu ca Cameroun ariko ikazoba mu mwaka wa 2022, impamvu nuko utaronse itike yo kwitabira izo nkino kuko mw’itsinda rya E, Uburundi bwari burimwo, bwarangije izo nkino zo kurondera itike buri mu kibanza ca gatatu n’amanota 5, mugihe Maroc yarangije iri mu kibanza ca mbere n’amanota 14, Mauritanie irangiza iri mu kibanza ca kabiri n’amanota 9 hama République Centrafrique irangiza iri mukibanza ca nyuma n’amanota 4.

  • 7
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    7
    Shares
  •  
    7
    Shares
  • 7
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -