Musongati FC : Rukundo Jean De Dieu yarashikirijwe agashimwe kiwe.

Umumenyereza w’umurwi wa Musongati FC w’i Gitega yararonkejwe agashimwe kiwe k’umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi muri Primus League k’ukwezi kwa kabiri gatangwa na Club BCM Burundi. Hari kuri uyu w’Imana i Gitega kuri Stade Ingoma imbere yuko batana mu mitwe n’umurwi wa Aigle Noir CS batsinze (1-0).

Umumenyereza Rukundo Jean De Dieu arikumwe n’abagize Club BCM Burundi.

Rukundo Jean De Dieu atahukanye ako gashimwe incuro zibiri yikurikiranya kuko no mu kwezi kwa mbere niwe yari yagatahukanye. Uyo mumenyereza wa kera wa Kayanza United yaronkejwe ibihihumbi ijana vy’amarundi (100.000fbu), icapa kiriko ifoto yiwe, hamwe n’agashimwe (Trophée).

Abagize Club BCM kuri Stade Ingoma i Gitega.

Ako gashimwe ka  BCM Burundi (Best Coach Of The Month Burundi) gasanzwe gatangwa n’abakunzi b’umupira wa maguru mu Burundi bari mu mirwi itandukanye ikina ihiganwa rya Primus League, bahurikiye muri Club BCM Burundi. Ako gashimwe gatangwa buri kwezi ku bamenyereza bigenza neza gusumba abandi uko ukwezi guheze.

  • 10
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    10
    Shares
  •  
    10
    Shares
  • 10
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -