Umurwi wa Rutsiro FC wasinyishije Ndarusanze Jean Claude.

Umurwi wa Rutsiro FC  uherutse kuduga mu cicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda wasinyishije umusatirizi w’Umurundi  Ndarusanze Jean Claude batazira « Lamba Lamba ».

Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba mu myimenyerezo y’umurwi wiwe wa Rutsiro FC.

Uyo musatirizi wa kera yahora akinira umurwi wa kayanza United mu mwaka w’inkino uheze wa 2019-2020, ariko yamenyekanye cane mu murwi wa Lydia Ludic, yasinye  amasezezerano y’amezi abiri arangirana n’ihiganwa ryo murico gihugu, rigiye gutangura kuva kw’igenekerezo rya mbere rusama 2021 rikazorangira ingenekerezo rya 29 ruheshi 2021 mu ntumbero yo kurondera  umurwi uzoserukira Urwanda muri CAF Champions League y’umwaka uza winkino wa 2021-2022.  Iryo higanwa ritoyi ritunganijwe mu matsinda 4 agizwe n’imirwi 4 buri itsinda. Uyo murwi mushasha wa Ndarusanze Jean Claude Rutsiro FC,  ukaba uri mw’itsinda rya kabiri (Groupe B) rigizwe n’imirwi ya : Rayon Sport, Kiyovu Sport, Gasogi United na Rutsiro FC.

Ndarusanze asanzwe amenyereye iryo higanwa ryo mu Rwanda kuko yaraciye mu murwi wa AS Kigali yongera arangiza nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi (15) mu mwaka w’inkino wa 2017-2018 wiryo higanwa.

  • 24
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    24
    Shares
  •  
    24
    Shares
  • 24
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

Coupe du Président: Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC vyagenze neza mu nkino za mbere.

Imirwi ya Flambeau Du Centre, Musongati FC, Bumamuru FC na Vital’O FC yavyifashemwo neza mu …

- Sponsored Advertisement -